Yambu neza bakunzi bo kw'isôko,
Uyu musi naganiriye n'umutumire wacu k'uburyo twoba hafi uwabuze uwiwe muri ako kanya ka hafi.
Imico yacu nk'abarundi iratunze cane kandi ni myiza, ariko mbega burya vyose tubikora neza?
Twagerageje kubica irya nino namwe muratubwira ico mwibaza.
Mugire amahoro!
Yambu neza bakunzi bacu,
Mu kiganiro cuno musi muza kumenya vyinshi kuwugirisha ikiganiro.
Niwe abazwa utubazo, twumve ico yiyumvira kuvyerekeye amagara yo mumutwe, aratuganirira gato ivyo yabayemwo, niyo iciyumviro ca Isôko cavuye.
Kaze, tuyage, dukurire kandi dukirire hamwe!
Ndabaramukije cane bakunzi bo kw'isôko,
Mbe muri mwebwe hari abagiye kwiga mu mahanga? Mwabigenjeje gute ngo mumenyere?
Uyu musi umutumire wacu aratubwira uko wewe vyamugendeye.
Uko yari yateguye ubuzima bwiwe ashitse mu mahanga siko vyagenze.
Reka tumwumvirize, bitwigishe.
Mugire amahoro!
Tugire amahoro bakunzi bo kw'isôko,
Mu kiganiro c'uno musi tuza kuganira kuvyerekeye agaciro k'amajambo abavyeyi babwira umwana mukumurera.
Umutumire wacu atubwira uko abavyeyi biwe bamureze n'ingaruka nziza uno musi abona vyagize mu buzima bwiwe nk'umuntu akuze.
Bitwubake, bitwigishe.
Amahoro neza bakunzi mutwumviriza,
Muri kino kiganiro ca mbere co kw'isôko twashimye kuganira ivyerekeye amagara yo mu mutwe muri rusangi.
Twaronse umutumire atubwira uko yakuze nuko yagerageje kwivuza no gukira.
Twizera ko biza kugira ico bibafashije nico bibasigiye.
Ntimwitinye murashobora kutubwira uko mwavyumvise, muzoba mukoze cane.
Mugire amahoro y'Imana!
Amahoro neza bakunzi mutwumviriza,
Kaze kw'isôko, ikiganiro gishasha kivuga ibijanye n'amagara yo mu mutwe muri rusangi.
Tugiye kuza turaganira twongera tuganiriza abafise intahe zerekeye amagara yo mu mutwe (santé mentale).
Mudufashe gusangiza abandi kino kiganiro, muzoba mukoze!
Murakoze cane kutwumviriza.